Indyane muri UPRONA zizohezwa n’ibiganiro hagati y’impande zose

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atari akwiye kwirengagiza indyane ziri mu mugambwe UPRONA kuko iyo migambwe ibiri yo muri Reta iserukira amoko atandukanye nk’uko vyanditswe mu masezerano y’Arusha. Kubwa Pacifique Nininahazwe, ukutumvikana hagati y’iyo migambwe bizoshobora gukwega ukwinubana hagati y’abahutu n’abatutsi, canke bikazana umukeko.
Ikibazo c’indyane ziri mu mugambwe UPRONA gitera cunyuka uko iminsi igenda. Mu gihe abaheruka kugenwa kugira baserukira uwo mugambwe batemerwa n’inzego zivuga ko ziwurongoye, Pacifique Nininahazwe asaba hatararengerana ko umukuru w’igihugu yotanguza ikiganiro, impange zose zikagarukana ukutumvikana. N’aho abahutu bose batari mu mugambwe CNDD FDD, canke abatutsi bose batari mu mugambwe UPRONA, amasezerano ya Arusha ategekanya ko mu gusabikanya ubutegetsi amoko yose yoserukirwa muri Reta. Ukuntu vyifashe gushika kuri iyi ntwaro, n’uko abatutsi baserukirwa n’umugambwe UPRONA, ari naco gituma habaye ukutumvikana hagati y’iyo migambwe bishobora guca bihinduka bigacika ikibazo c’amako, bamwe bakavuga ko badaserukiwe nk’uko vyategerezwa, kuko abari muri Reta batabemera.
JPEG - 1.3 Mo
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE
Kugira abanyagihugu ntibarwe mu gashavu k’ivyo bokwita ikumirwa, Pacifique Nininahazwe, umwe mubahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahamagarira ubutegetsi kurengera inyungu z’uruhande rumwe, ahubwo baharanire ko atawokwumva acinyijwe, kuko mu mateka y’Uburundi, ubwibone bw’ubutegetsi bwakwegeye akarambaraye igihugu.
Nininahazwe Pacifique aragaruka ku ngaruka z’intambara n’ubwicanyi vyashikiye igihugu imyaka ubutegetsi bwarangwa n’ubwibone n’agasuzuguro, mukutumviriza ivyiyumviro vy’abandi, ari naco gituma akebura abatwara ko bokwirinda ingendo yokwegera abanyagihugu mu bwoba. Abatwara bakibuka ko abatwaje igihugu umukazo bahejeje nabi.

Source: http://www.igihe.bi/indyane-muri-uprona-zizohezwa-n.html

Commentaires

Posts les plus consultés de ce blog

Assassinat de Lydia NIBOGORA: le couple BUNYONI devrait être auditionné !

L’homme de main de Ndirakobuca : Kazungu

Burundi : disparition forcée du couple Alexis Nkunzimana et Emelyne Ndayishimiye