Articles

Affichage des articles du juillet, 2013

UHOMBA URURIMI RW'AMAVUKIRO UKABA WIHOMVYE

Image
Gukingira Ikirundi 28 Ruheshi 2013 Bujumbura Pacifique NININAHAZWE Ikiganiro kijanye n'ugukingira ururimi gw'ikirundi mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 51 yo kw'ikukira. Nfise amakenga uravye ikirundi kiriko kiragenda, burya kuba umurundi icambere kibigira nukuvuga ikirundi. Abantu baciye kwishure bisigaye bibagora gose kuvuga ikirundi, ahantu hose ubu hari inama, ahantu hose haroye abantu baciye kw'ishure, usanga bisigaye bigoye cane kobashobora kuvuga ururimi rw'ikirundi rwonyene. Akarorero ugiye munzego zigihigu usanga ururimi rusigaye ruvugigwayo ata uwuruzi, ari abasigaye barwita  Ikifrancais  n'ururimi ruvanzwe ikirundi nigifaransa. Ubisanga kandi no mumashirahamwe yingenga, wagera kwiradio abantu bariko baratanga iciyumviro wumva ko batavuga ikirundi gusa , bikanashika nahantu twubaha cane, muma sengero.  Usanga kuvuga ikinyarwanda, igiswahiri, bisigaye biboneka ko urumuntu ukomeye imbere ya bose. Ucusanga urumuntu wiyemera cane. ariho nabandi bashi