FOCODE na CROIX ROUGE batanguje ibikorwa vyo kugarukira ku bahuye n’Isegenya

source: www.igihe.bi


Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) ryifadikanije n’abandi babandanya kurungika ubutumwa bwo guhoza imiryango yabuze abayo n’ivyabo mw’isegenya ryahitanye abantu baharurwa mw’158 mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana. Muri FOCODE batanguje uruganda ruhurikiyemwo n’ayandi mashirahamwe, kugira begeranye imfashanyo zizoshikirizwa abanyagihugu bari mu kangaratete.
Inyuma y’aho inkuru y’uko inganda zatikiye imenyekaniye, Reta y’Uburundi yarabangukiye ahabereye iryo bara, yongera ifata ingingo yo gupfubisha abitavye Imana, hamwe n’ukwiyemeza kuzorihira amafaranga abanyagihugu bakiri ku misego. Mw’ishirahamwe FOCODE barashima iyo nyifato ya Reta, ariko bakamenyesha ko bitari kugarukira aho. Kubwa Pacifique Nininahazwe, Reta ntiyari kuvuga gusa ko itunganije iminsi ibiri y’ikigandaro, amabendera amanutse, ahubwo ko Reta yari kugirako igatunganya ibiganiro vyuguruye, abanyagihugu bagahura kugira biyemeze ivyo boshobora gufasha, na kare ko mu migenzo y’ikirundi, ukugandara kwajana n’ugutwara udukwi kuwabuze.
JPEG - 995.9 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE
Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) ryiyemeje gutunganya ihuriro n’ayandi mashirahamwe yose avyipfuza, batororokanye amafaranga n’ibindi vya nkenerwa vyofasha kugarukira ku banyagihugu bahuye n’impanuka y’isegenya ry’imvura. Mu ntumbero yo gukorera ku mugaragaro, Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE amenyesha ko iminsi yose ku mugoroba, biciye ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook rw’ishirahamwe FOCODE, bazokwama berekana ivyatanzwe uko bingana. Nimero ya konte ihava imenyekana ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, kugira abantu bose bavyipfuza kandi bafise umutima wo gufasha baterere agacumu k’ubumwe. Inyuma y’ico gikorwa, imfashanyo zizoba zatororokanijwe zizoca zishikirizwa ishirahamwe CROIX ROUGE rijejwe gutabara imbabare mu Burundi, kugira zishikirizwe abanyagihugu.
Pacifique Nininahazwe asaba Reta ko yoshiraho umurwi ugizwe n’impande zose, kugira bakurikiranire hamwe ibijanye n’imfashanyo zizotangwa, kugira ntibizosubire kumera nk’ivy’isoko yahiye, hama imfashanyo zitanzwe ntizashikirizwa abahuye n’ivyago nk’uko vyategerezwa.
Ishirahamwe FOCODE ryaboneyeho akaryo ko gukebura Reta kugira ishireho imigambi yo gutunganya neza igisagara, hamwe n’imigambi y’uburaro bwiza, kugira abanyagihugu bakenye ntibasubire kurwa mu kaga k’impanuka z’imyuzurira.

Commentaires

Posts les plus consultés de ce blog

L’homme de main de Ndirakobuca : Kazungu

Assassinat de Lydia NIBOGORA: le couple BUNYONI devrait être auditionné !

Il y a 6 ans disparaissait Ernest Manirumva…