Ishirahamwe FOCODE riratangazwa n’inyishu imwe yama itangwa na Edouard Nduwimana

Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) yibutsa umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko igikorwa ciwe atari ukurotorera abantu ico bazovamwo muri kazoza, ahubwo ko ico abanyagihugu baba bamurindiriyeko mu bikorwa vyiwe ari ugutanga umuco ku ngingo Reta arimwo iba yafashe, canke kwishura ku bibazo abanyagihugu baba bamutuye mu bijanye n’ivyo ubushikiranganji bwiwe buraba.
Ku ncuro igira gatatu mu mezi atatu nyene, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yararemesheje ku munsi wa kabiri ikiganiro amenyesha ko ibikorwa n’ibivugwa n’ishirahamwe FOCODE biciye ku mukuru waryo Pacifique Nininahazwe, ko vyoba bigamije kurwanya ubutegetsi bwo mu Burundi, kandi ko abantu batotangara ejo canke hirya y’ejo babonye Pacifique Nininahazwe atanguye gukora poritike.
Mw’ishirahamwe FOCODE baratewe amakenga n’iyo mvugo Edouard Nduwimana akunda gukoresha, aho kwishura kuvyo aba yabajijwe. Pacifique Nininahazwe atangazwa n’ingene umushikiranganji Edouard Nduwimana yamana inyishu imwe ivuga ko harimwo inyungu za poritike mu bibazo FOCODE iba iriko irashikiriza, n’aho ataba ariwe aba yabibajijwe. Pacifique Nininahazwe aranegura ukwo kwiha uburenganzira bwo kurotora kazoza ka bamwe na bariya, kuko igikorwa c’umushikiranganji kitari ico kurwanya umuntu kuko yoba ariko ashikiriza ibitagenda neza. Kubwa Pacifique Nininahazwe, namba umushikiranganji Edouard Nduwimana yoba yibaza ko ugukora poritike ari ugushira ahabona ibikorwa vy’ubunyonyezi, ubwicanyi ndengerabutungane, n’ikibazo c’ibwirizwa shingiro ririko rihindurwa mu kinyegero, vyoba bibabaje.
JPEG - 32.2 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE
Uwo arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko niyashaka gukora poritike azobishira ku mugaragaro, kandi ko atazorinda kwinyegeza inyuma y’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, na cane cane ko azoba ari uburenganzira bwiwe. Arangiza amenyesha ko ishirahamwe FOCODE rishigikiye ko BNUB iguma mu Burundi gushika inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2015. Ahamagarira amakungu gukurikiranira hafi ibikorwa mu Burundi, kuko biboneka ko uwo mushikiranganji ashaka gutera ubwoba abashikiriza ibibangamiye ubuzima bw’igihugu, nk’ibijanye ihindurwa gihutihuti ry’ibwirizwa shingiro.

Source: igihe.bi

Commentaires

Posts les plus consultés de ce blog

Assassinat de Lydia NIBOGORA: le couple BUNYONI devrait être auditionné !

L’homme de main de Ndirakobuca : Kazungu

Burundi : disparition forcée du couple Alexis Nkunzimana et Emelyne Ndayishimiye