UHOMBA URURIMI RW'AMAVUKIRO UKABA WIHOMVYE

Gukingira Ikirundi
28 Ruheshi 2013 Bujumbura

Pacifique NININAHAZWE
Ikiganiro kijanye n'ugukingira ururimi gw'ikirundi mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 51 yo kw'ikukira. Nfise amakenga uravye ikirundi kiriko kiragenda, burya kuba umurundi icambere kibigira nukuvuga ikirundi. Abantu baciye kwishure bisigaye bibagora gose kuvuga ikirundi, ahantu hose ubu hari inama, ahantu hose haroye abantu baciye kw'ishure, usanga bisigaye bigoye cane kobashobora kuvuga ururimi rw'ikirundi rwonyene.
Akarorero ugiye munzego zigihigu usanga ururimi rusigaye ruvugigwayo ata uwuruzi, ari abasigaye barwita Ikifrancais n'ururimi ruvanzwe ikirundi nigifaransa. Ubisanga kandi no mumashirahamwe yingenga, wagera kwiradio abantu bariko baratanga iciyumviro wumva ko batavuga ikirundi gusa , bikanashika nahantu twubaha cane, muma sengero. 
Usanga kuvuga ikinyarwanda, igiswahiri, bisigaye biboneka ko urumuntu ukomeye imbere ya bose. Ucusanga urumuntu wiyemera cane. ariho nabandi bashikiriza amajambo batigera batinya kuvanga ijambo ry'ikirundi n'igifaransa, n'igiswahiri, n'icongereza. Mumashure y'intango usanga amwe atigera yigisha icigwa c'ikirundi niyo ahurumbigwa n'imiryango yifise. Washika muri za kaminuza ikirundi gitera gifa, haciye imyaka ibiri ikirundi bagipfutse muri ENS. Wagenda muri IPA hahora ibisata vy'icongereza n'ikirundi ubu hasigaye ic'icongereza gusa.
Ikirundi kiriko kirava muba curaranzi bigihu aho usanga bitakiryoshe kuririmba mukirundi gusa, canke mukirundi ciza...

ICIGWA : UHOMBA URURIMI RW'AMAVUKIRO UKABA WIHOMVYE

Patiri Adrien NTABONA
Aho ikirundi kigeze
Ukwikukira sibintu vyintwaro gusa cane cane n'ivyimico, igihugu kitagira imico gishobora gushingirako kugira ngo kibeho, nikibaho.
Umuco n'ukuvuga kuboneshereza, n'ukuvuga ibiboneshereza ubwenge umuntu ashobore kw'iyumvira. Guhomba murabizi, n'ugutanga vyinshi ukunguka bike, ugateba ugatakaza vyose, ugateba ugaheba n'ukudandaza, ugacika umukene wahora ur'umutunzi, ukwo nikwo guhomba.
Nari mumodoka tuduga ruguru, nari kumwe n'umuryango wanje. Hanyuma rero umukobwa twarikumwe aca araraba umuzungu ari kw'ipave, icogihe twagendera kumapave. Uwo muzungu yari umupatiri wokuri Grand séminaire wumu espagnol, hanyuma aca aranyereka, hewe patiri raba umuzungu yahonvye. Nukuvuga yataye igihugu c'abazungu hasubira hasi, angana natwe aka gendera kw'ipave. kw'ihomba uhomba wewe nyene. Ugata ica kugira umuntu...
Uruhara rw'ururimi rwamavukiro muburyo ubwenge bw'umuntu bukora. Ubwenge bw'umuntu bukora buciye kururimi, aha uriko uriyumvira uriweza neza, ntushobora kwiyumvira udakoresheje amajambo. Amajambo arimwo ubwenge, nta muntu numwe ashobora kwiyumvira atamajambo afise canke ibiharuro. Nico gituma rero uriko uriyumvira ivyiyumviro vyawe bica mururimi. hanyuma rero uwutazi ururimi ntarumwe ntaco yomenya.
Abasirimu, mwebwe abize, bararahira, ngo umwana atavuga igifaransa, atabashije igifaransa, ikirundi azokijana hehe? Tukibagira ko ikirundi kiri mu Rwanda, mu Burundi, mugace k'Ikongo, mugace ka Tanzaniya, no mugace k'Ibunganda. harya ururimi rw'ikirundi nirunini gose ntihagire uwuzosamara. Kuba iwanyu ur'umunyamahanga, nimugihe uba iwanyu utazi ururimi rwamavukiro, ducika inkeya bwenge. Bica bituma no muntwaro tudakunda igihugu cacu. Ingwara tugwaye irahambaye cane, aho uwuhonvye ururimi rw'amavukiro, aca ahahombera umuco, aca ahahombera n'ubwenge.
Twogira gute none, ivyotwogira ndabishira mumigwi itatu.

Ubwambere umwe wese yimenye avuge ururimi rw'iwe ata vanga namba. nico gituma watanguye mukirundi bandanya mukirundi.

Mumiryango nagira mbamenyeshe ko umwana wanyu akeneye kuvuga ikirundi imbere yibindi, ataretse ibindi. Umenyereze umwana wawe ikirundi. Umubajije mukirundi niyishure mukirundi. Murabona twaracerewe, umugambi wanje wogusezera ubuzima bwanje nuwo gusubiza igihugu amayagwa yaco. Ikirundi gifise amayagwa yagatangaza, dufise imice yamayagwa 20 ico bita genre littéraire mugifaransa. Ntabantu nabamwe baturusha amayagwa, mugaheza namwe mukanfasha bikagenda bukebuke.

Mugihugu cose naho, nashaka amashiramwe yose, ko two kwitaho ikirundi, intwaro zikagira migambi yogukomeza ikirundi imwe bita Politique linguistique. Hanyuma rero ururimi rukandikwa neza. Aha igituma tutandika ikirundi n'ukwo kidashobora kwandikwa neza. Turakeneye ubwatuzo. Nagira umunsi umwe tugire inama yukugira ngo twunvishanye kumajambo amwe amwe abe ariyo dukoresha aje mugihugu. 

Ukwikukira tuzohimbaza kiwambere ntikube ukw'intwaro, kube ukw'imico. Nkaca nsaba nsozera rero, ubwambere dusabe twese ko iyo migambi yoza mumwaka uza, ubwakabiri ikirundi gikomere.




Source: nisafina Burundi 28 / 06 / 2013

Commentaires

Posts les plus consultés de ce blog

L’homme de main de Ndirakobuca : Kazungu

Assassinat de Lydia NIBOGORA: le couple BUNYONI devrait être auditionné !

Il y a 6 ans disparaissait Ernest Manirumva…